Trump yagenye Pence nk'icegera ciwe

Mike Pence and Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Mike Pence azoba icegera ca Donald Trump mu gihe yotsinda amatora y'umukuru w'igihugu yimirije mu kwezi kwa cumi na rimwe

Uwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu barepublicain muri Amerika Donald Trump, yagenye Mike Pence kuba icegera ciwe, nk'uko bimenyeshwa n'ibinyamakuru vyo muri Amerika.

Abashinzwe imyiyayamazo ya Trump, bateguye ko atangaza iyo nkuru ku wa gatanu, ariko bica birasiba kubera ibitero vy'iterabwoba vyabaye mu gisagara ca Nice, mu Bufaransa.

Inkuru zimenyeshwa na ABC News zivuga ko Pence yamaze kwemera ayo mabanga.

Donald Trump yari yabwiye ikinyamakuru ca Fox News ku musi wa kane ko:" Sindafata ingingo yanje ya nyuma".

Abandi bari bavuzwe ko bashobora kuja muri ico kibanza ni umukuru w'inama nshingamateka Newt Gingrich n'umukuru w'intara ya New Jersey Chris Christie.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pence ni umukuru w'intara ya Indiana, akaba n'umuyoboke akomeye wa Tea Party.

Pence ni umukuru w'intara ya Indiana, akaba n'umuyoboke akomeye wa Tea Party.

Mugihe vyokwemezwa, azoba icegera c'umukuru w'igihugu Donald Trump, mu gihe yoshobora gutsinda umupfasoni Hillary Clinton wo mu mugambwe w'aba demokrate, mu matora yimirije mu kwezi kwa cumi na rimwe.