Ibiraro vyazibiwe muri Istambul

inkuru nsha

Imodokari zabujijwe kujabuka ibiraro vya Bosphorus na Fatih Sultan Mehmet, ariko nta nsiguro zatanzwe.

Hari kandi amakuru avuga ko indege ya gisirikare yo mu bwoko bwa kajugurjugu, ikomeza kuzunguruka hejuru y'umuji wa Ankara, aho humvikanye n'amasasu.

Ntibizwi neza nimba hari ico bipfana n'uko kuzibira ibiraro, kandi nta makuru avyerekeye aratangwa ku mugaragaro.