Uwarashe abapolisi muri Amerika "yavugira" abirabura

Baton Rouge Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uruhagarara i Baton Rouge ni rwose nyuma y'indwi zibiri abapolisi barashe umugabo w'umwirabura

Umugabo yarashe abapolisi batatu mu muji wa Baton Rouge muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yari yasohoye video avuga ko ababajwe n'ibikorerwa abirabura muri Amerika.

Mw'iyo video avuga ko ababajwe cane n'ivyo abapolisi bakora, ahamagarira abagabo b'abirabura kwitangira ubwoko bwabo.

Gavin Long, yahoze ari umusirikare w'umumarine muri Amerika, yari yafashe video imwe i Dallas haciye iminsi itatu abapolisi batanu bahiciwe.

Yanahamagariye kandi abirabura kwirwanako mu gusesa amaraso.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Video ngufi y'ukuntu kurasana Baton Rouge kwagenze

Uruhagarara i Baton Rouge ni rwose kuva aho umugabo w'umwirabura arasiwe n'abapolisi, haciye indwi zibiri.

Prezida Obama yahamagariye abantu kwigumya.

Soma ngaha inkuru y'ingene Gavin Long yarashe abo bapolisi