Mu Bufaransa bariga ku gukumira ibitero nk'icabaye Nice

Abapolisi b'Abafaransa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu Buransa bararaba ingene igitero nk'icabaye Nice kitosubira

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, Francois Hollande, ari mu nama n'umushikiranganji wiwe ajajewe kwivuna abansi, ngo barabe ukuntu bokumira ibitero nk'igiheruka kuba Nice.

Yaranenzwe cane n'uwari umukuru w'igihugu, Nicolas Sarkozy, aho yavuga ko leta ya bwana Hollande yananiwe kurinda umutekano w'igihugu.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati yavuze ko ata sano rya hafi riri hagati y'uwagavye ico gitero hamwe n'imigwi y'abarwanyi ba ki Islam.

Haraza kuba umunota w'agacerere mu Bufaransa saa tanu ku masaha yaho, wo kwibuka abantu mirongo umunani na bane bahasize ubuzima.

Kanda ngaha usome andi makuru ku gitero c'i Nice

Ibindi bisa n’ibi