Abapolisi 4 bagirijwe kwica umunyamategeko muri Kenya

Abapolisi bakekwa kugandagura umushingwamanza, bashikanywe muri sentare Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abo bapolisi bane bagirizwa kugandagura umushingwamanza, uwo aburanira hamwe n'umushoferi yari abatwaye

Abapolisi bane mu gihugu ca Kenya bagirijwe kwica umushingwamanza aharanira agateka ka muntu, yiciwe hamwe n'abandi bantu babiri.

Uwo mushingwamanza yaburiwe irengero amaze gushingisha urubanza arega abapolisi guhohotera uwo aburanira, nawe akaba yarishwe co kimwe n'umushoferi yari abatwaye.

Senior Sergeant Frederick Leliman, Sergeant Leonard Mwangi Maina, Caporale Cheburet Morogo na Constable Silvia Wanjiku Wanjohi bagirijwe mu gitondo c'uno munsi ubwicanyi bw'abantu batatu.

Abo bishwe ni umushingwamanza Willie Kimani, uwo yaburanira Josphat Mwenda hamwe n'umushiferi wabo Joseph Muiruri.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ubwo bwicanyi bwababaje benshi muri Kenya, butuma haba n'imyiyerekano

Abo bapolisi bagirizwa kuba barishe abo batatu mw'ijoro ryo kuwa 23 z'ukwa gatandatu, ariko bahakana ivyo bagirizwa.

Umucamanza kuri sentare nkuru y'i Nairobi, Jessie Lessit, yahaye ubushinjacaha ukwezi kwo gutegura neza ubuhamya bw'ivyabona, ivyo kurekurwa vy'agateganyo akazovyumviriza mu nyuma.

Abo baregwa bazoguma mw'ibohero muri ico gihe.

Ubwo bwicanyi bwababaje benshi muri Kenya, aho hari abagiriza igipolisi ubwicanyi budakurikije amategeko.

Ibindi bisa n’ibi