Turkia: Abapolisi benshi bahagaritswe mu kazi

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Itembagazwa ry'ubutegetsi ryaburijwemwo muri Turkia

Abategetsi ba Turkia bavuga ko abapolisi bababa 8,000 bahagaritswe mu kazi, bakekwa kugira uruhara mw'itembagazwa ry'ubutegetsi mu mpera z'iyinga.

Abantu 6,000 bakora mu butungane n'abasirikare, harimwo n'aba general, barapfunzwe bagirizwa iryo tembagazwa ry'ubutegetsi.

Prezida Recep Tayyip Erdogan yarahiriye gukura ico yise umugera mu nzego za reta, watumye haba iyo migumuko.

Uwushinzwe imigenderanire n'amakungu muri EU yavuze ko ishirwa mu ngiro ry'amategeko ritegerezwa kwubahirizwa.

Reta ya Turkia yagiriza umwigisha w'idini Fethullah Gullen kuba ari inyuma y'iryo geragezwa ryo gusenyura intwaro.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Hari agashavu igihe bamwe mu bashatse gutembagaza ubutegetsi bashikanwa muri sentare

Gullen aba mu gihugu ca Amerika, akaba ahakana yivuye inyuma ko ata ruhara abifisemwo.

.Abasirikare benshi batawe muri yombi muri Turikiya

.Turikiya ikomeje guhiga abashatse guhirika ubutegetsi

Ibinyamakuru vya reta bivuga ko aba generale n'aba Amirale barenga 100 aribo bamaze guhagarikwa mu gihugu cose.

Abasirikare umunani ba Turkia bahungiye mu gihugu c'Ubugiliki bakorsheje kajugujugu bitavye sentare mu gisagara ca Alexandropouli, kiri ku rubibe bahana na Turkia, bagirizwa kwinjira muri ico gihugu badakurikije amategeko.

Prezida Erdogan yabwiye isinzi ry'abantu ku w'Imana ko Turkia gishobora gusubizaho igihano co gupfa.

Igihano co gupfa cavanyweho mu mwaka wa 2004, mu twigoro twa Turkia two gushaka kwinjira mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya.

Nta muntu n'umwe aranyongwa kuva mu 1984.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi muri Turkia bashikanywe muri sentare

Uwujejwe imigenderanire n'amakungu mw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, Federica Mogherini, yagize ico avuga imbere y'uko haba inama ihuzwa abashikiranganji b'imigenderanire ba EU hamwe n'uwa Amerika, John Kerry, i Bruxelles, aho ibiriko birabera muri Turkia bishobora kuba ari vyo biza imbere muvyo bavugana.

Yavuze ko bashobora kutihanganira intambwe iyo ari yo yose yotuma muri gihugu ca Turkia haba ukudakurikiza amategeko kandi ko abashikiranganji b'imigenderanire bashobora kurungika "ubutumwa bukomeye".