Uburundi "ntabajejwe umutekano mvamakungu bukeneye"

Ambassadeur Albert Shingiro Uwufise ububasha kw’isanamu UN
Image caption Ambassadeur Albert Shingiro avuga ko umutekano umaze kugaruka bihagije mu Burundi ku buryo ata bajewe umutekano mvamakungu bagikenewe

Uwuserukiye u Burundi mw'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, avuga ko ata basirikare baza guhagararira amahoro mu Burundi bakenewe mu gihe ONU yiga kuri ico kibazo.

Igihugu c'Ubufaransa casubiye gushikiriza icifuzo mu kana ka ONU kajejwe umutekano, co kurungika mu Burundi abapolisi mpuzamakungu 228.

Bubaye ubugira kabiri Ubufaransa bushikiriza ico ciyumviro, ariko ako kanama ka ONU karananiwe kwumvana kuri ico cifuzo ubwa mbere.

Uwuserukiye u Burundi muri ONU, Ambassadeur Albert Shingiro, yabwiye BBC ko u Burundi bumaze kwerekana aho buhagaze ku ciyumviro nk'ico.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ubufaransa busaba ko horungikwa mu Burundi abajejwe umutekano ba ONU 228

Ngo aho umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon yagendera u Burundi, yashikirije ibitigi bitatu bishoboka vy'abajejwe umutekano mpuzamakungu borungikwa mu Burundi: 3000, 228 canke abari hagati ya 20 na 50.

U Burundi ngo bwari bwemeye abari hagati ya 20 na 50, ngo ariko cari igihe amakambi yari agiterwa ngo ariko ubu umutekano waragarutse ngo n'abo ntibagikenewe.

Icifuzo c'Ubufaransa rero n'uko horungikwa uwo muce wa kabiri, 228, ariko naho nyene bakagomba kwemezwa n'u Burundi.

Bwana Shingiro yongeyeko y'uko u Burundi bufise abajejwe umutekano bakwiye kandi babishoboye, mbere ngo banafasha no mu makungu, ngo rero nta bandi bakenewe.

Ngo ariko mu gihe hoshikirizwa iciyumviro co kurungika abapolisi mpuzamakungu 20, u Burundi bwokwemera kubiganirako ngo ariko naho nyene bakaza ata kirwanisho bitwaje.

U Burundi kandi ngo busanzwe bwaremeye ko harungikwa indorerezi z'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika zishika amajana abiri, ngo rero iryo shirahamwe rya rikwiye gufashwa kugira izo ndorerezi zikwire.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
U Burundi buhagaze hehe ku kibazo co kurungika abasirikare? Umva Ambassadeur Shingiro

Abajijwe igituma banka ko harungikwa abajejwe umutekano kandi hari abantu bacicwa mu Burundi, Ambassadeur Albert Shingiro yavuze ko naho bibaje ko hagira n'umwe apfa, ngo ni ibintu biba n'ahandi hose kw'isi, ngo si ikibazo gikomeye cihariye ku Burundi.

Akanama ka ONU kajejwe umutekano karaciga kuri ico cifuzo z'Ubufaransa.

Ibindi bisa n’ibi