Havuzwe icatumye u Burundi butaja mu nama ya AU, Rwanda

Alain Aime Nyamitwe
Image caption Umutekano w'intumwa ngo uri muvyatumye u Burundi butitaba inama ya AU mu Rwanda

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'u Burundi, Alain Nyamitwe, yavuze icatumye u Burundi butitaba inama y'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika mu Rwanda.

Iyo nama yabereye mu nyubako nshasha za Rwanda Convention Centre, yari iyigira 27 y'abakuru b'amaleta n'ibihugu bigize iryo shirahamwe.

Inama yabaye hagati y'itariki 15 na 18 z'uku kwezi, ntiyitabwe n'abaserukiye u Burundi mu gihe vyavuzwe ko n'abari bariyo bahawe itegeko ryo kuyivamwo itaratangura.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, umushikiranganji Alain Nyamitwe yavuze ko imvo nyamukuru ari zibiri: umutekano hamwe no kutumvirizwa na AU.

Ngo u Burundi bwari bwasavye kwizwezwa ko umutekano w'ababuserukiye uzocungerwa bikwiye ngo mu gihe mu Rwanda hasanzwe hacumbitse abashatse gutembagaza inzego mu Burundi, ngo ariko nta nyishu yigeze itangwa.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Umushikiranganji Alain Nyamitwe asigura igituma Uburundi butitavye inama mu Rwanda

Ikindi naco ngo u Burundi bwari bwitwariye u Rwanda kw'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, burwagiriza kuba kw'isonga mu bahungabanya umutekano mu Burundi, ngo ariko iryo shirahamwe ntaco ryabivuzeko.

Kurabana ribi

Imigenderanire hagati y'u Burundi n'u Rwanda imaze ikiringo kirenga umwaka itifashe neza kuva aho hatanguriye imvururu zakurikiye kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza.

Harabaye guterana amajambo no kwagirizanya kubika abansi b'igihugu kimwe n'ikindi, kandi mu Rwanda hacumvitse impunzi z'Abarundi zirenga ibihumbi mirongo indwi, zahunze muri ico gihe nyene.

Ibindi bisa n’ibi