Abantu 8 bishwe n'aba Mai Mai i Kibirizi muri RDC

Monusco Uwufise ububasha kw’isanamu AFP GETTY
Image caption Ingabo za reta n'iza Monusco zamaze gushika mu karere ka Rubirizi

Abakongomani bo mu bwoko bw'aba Mai mai baraye bishe abantu umunani bo mu bwoko bw'abahutu n'abandandi i Kibirizi mu burasirazuba bwa RDC.

Abahutu bishwe ni bane, abandandi na bo nyene bane.

Jean Bosco Sebishimbo, umushingamateka yatowe muri ako karere, avuga ko ubwo bwicanyi bwabaye mw'ijoro.

Abo ba Mai Mai ngo baza bavuga ko abahutu bategerezwa gusubira mu gihugu c'Urwanda.

Akarere ka Kibirizi kari kure y'ibirindiro vy'abajejwe umutekano, zaba ingabo za congo canke Monusco ngo bakaba bagiye kumenya ivyerekeye ivyo bitero bateba.

Ingabo za reta na Monusco bashitse, abanyagihugu bari bahungiye mu mashamba bakaba baciye batangura gutahuka.