Ingingo zikomeye ziritezwe muri Turkia

Recep Tayyip Erdogan Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Erdogan arahakana kwikika inyuma y'igikorwa co guhiga abashatse gutembagaza ubutegetsi mu guhiga abo batavuga rumwe

Prezida wa Turkia, Recep Tayyip Erdogan, ashobora gushikiriza imigambi yiwe yo kugarukana umutekano mu nama y'ikitaraganya aza kugirisha akanama kajejwe umutekano hamwe na reta yiwe kuri uyu wa gatatu.

Umushikiranganji wiwe wa mbere, Binali Yildirim, yavuze ko hashobora gufatirwamwo ingingo zikomeye, zofasha Turkia kuva mu bihe bidasanzwe ico gihugu cagiyemwo inyuma y'aho igisirikare kigeragereje gutembagaza intwaro mu ndwi iheze.

Mu bantu boba bashika ibihumbi mirongo itanu, bamwe barafashwe, abandi birukanwa mu kazi canke bahagarikwa vy'agateganyo kuva hadutse umutekano muke.

Ibice nka vyose vyarashikiriwe, uhereye ku nzego zijejwe umutekano gushika mu bakozi ba reta, mu mashure no mu bimenyeshamakuru.

IHIGWA BUHONGO MURI TURKIA

15.200

Abigisha n'abandi bakozi birukanywe

1.577

Abategetsi ba kaminuza basabwe gutanga imihoho

  • 8.777 abakozi bo mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu birukanywe

  • 1.500 abakozi bo mu bushikiranganji bw'ubutunzi birukanywe

  • 257 bakora mu biro vy'umushikiranganji wa mbere birukanywe

Reuters