Man Utd bari kwitegurira ihiganwa ryimirije mu Bushinwa

Manchester United
Image caption Umugwi wa Man Utd bagiye kwitegurira ihiganwa ryimirije mu Bushinwa

Umugwi wa Manchester United wagiye mu gihugu c'Ubushinwa kwitegurira ihiganwa ryimirije gutangura.

Bazokina inkino zibiri, aho bazohura na Borrussia Dortmund mu gisagara ca Shanghai ku musi wa gatanu, hanyuma bahure na Manchester City mu gisagara ca Beijing.

Abakinyi 25 ni bo bagiye muri urwo rugendo rw'uwo mugwi, harimwo abakinyi bashasha nka Eric Bailly na Henrikh Mkhitaryan hamwe n'abakinyi icenda bo mw'ishure ryigisha umupira w'amaguru rya Man United, mu gihe abandi bakinyi bari bitavye ihiganwa rya Euro 2016 bakiri mu karuhuko.

Muri urwo rugendo, bari kumwe n'umumenyereza mushasha Jose Morinho, afise akazi katoroshe ko gusubiza agateka uwo mugwi.