Ubufaransa bwapfushije abasirikare batatu muri Libya

Abasirikare b'Ubufaransa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY
Image caption Iyo kajugujugu yaguye iri mu gikorwa gikomeye co gukusanya amakuru

Ubufaransa ku nshuro ya mbere bwemeye ko bufise abasirikare bari ku rugamba muri Libya, mu kwemanga ko hari batatu bahasize ubuzima.

Umukuru w'igihugu, Francois Hollande, yavuze ko abasirikare batatu baguye mu mpanuka ya kajugujugu bari mu gikorwa kigoye co gukusanya amakuru.

Amakuru ava muri Libya kare yavuze ko abasirikare kabuhariwe b'Ubufaransa bishwe n'abarwanyi b'umugwi wiyita Islamic State, barashe indege barimwo mu muji wa Benghazi uri mu buseruko.

Ibindi bisa n’ibi