Turkia yatangaje ikiringo c'ibihe bidasanzwe

Receep Tayyip Erdogan Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida wa Turkia, Recepp Erdogan yamenyesheje ko hagiyeho ikiringo c'ibihe bidasanzwe c'amezi atatu

Prezida wa Turkia, Recepp Tayyip Erdogan, yatanganje ikiringo c'ibihe bidasanzwe kizomara amezi atatu, kugira ubutegetsi bufatire ingingo ruhasha abagize uruhara mu gushaka gutembagaza ubutegetsi hakoreshejwe igisirikare mu ndwi iheze.

Erdogan, yatanguje isekeza ryo gufata abantu mu bice bitandukanye vy'akazi kuva habaye iryo geragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi, yavuze ko iyo ngingo yisunze ibwirizwa shingiro rya Turkia, ko atarenze ku mategeko canke ku kwishira n'ukwizana kw'abanyagihugu ba Turkia.

Ibihe bidasanzwe bizotangura gukurikizwa bimaze kumenyekanishwa mu bimenyeshamakuru vya reta, biha uburenganzira prezida na reta yiwe gukora akazi k'inama nshingamateka ko kwemeza amategeko mashasha, no gushinga akarimbi ntarengwa canke guhagarika vy'agateganyo bumwe mu burenganzira n'ukwishira n'ukwizana vy'abanyagihugu mu gihe vyoba bikenewe.

Erdogan yamenyesheje ivyo kuri television ari imbere y'abashikiranganji biwe, inyuma y'inama yagiranye n'akanama kajejwe umutekano mu gihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Receep Erdogan yashimagije abitavye Imana bariko baragwanya itembagazwa ry'ubutegetsi

Mu yindi ngingo, abasirikare bo mu rwego rwa general bagirijwe kugira uruhara mw'igeragezwa ryo gutembagaza ubutegetsi ryo mu ndwi iheze, haca hatangazwa ko abacamanza ba gisirikare n'abashikirizamanza na bo nyene bagirwako amatohoza.

Amashure menshi hamwe n'ibindi bisata vy'uburezi birugaye.

Abigisha, ibihumbi n'ibihumbi vy'abasirikare, abandi bakoze ba reta mu buzi butandukanye hamwe n'abandi benshi bari mu bagirizwa gushaka gutembagaza reta, umugambi bavuga ko wari wateguwe n'umukuru w'idini aba mu gihugu ca Amerika, Fethullah Gulen.