Man City yatsinzwe na Bayern 1-0

Carlo Ancelotti and Pep Guardila Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Pep Guardiola yatsinzwe urukino rwiwe rwa mbere nk'umumenyereza wa Man City

Mu rukino rwo kwitegurira ihiganwa ryimirije, umugwi wa Man City ubu umenyerezwa na Pep Guardiola watsinzwe na Bayern Munich, yahora imenyerezwa na Guardiola nyene 1-0.

City batsinzwe igitego kimwe rukumbi na Erdal Ozturk wa Bayern, ubu bamenyerezwa na Carlo Ancelotti.

Abakinyi benshi bakomeye ntibari mu kibuga, kuko baracari mu karuhuko inyuma y'inkino za Euro 2016 hamwe na Copa Amerika.

Guardiola yakinishije abakinyi 12 b'umugwi w'abakiri bato, muri urwo rukino rwabereye Allianz Arena.

Umunyegori yari Angus Gunn, umuhungu w'umukinyi rurangiranwa wa kera Norwich Bryan.

Man City buca bafata urugendo rwo mu Bushinwa aho bazotana mu mitwe na Man United.

Abakinyi bakomeye bazojana ni Sergio Aguero, David Silva, Nolito, Raheem Sterling na Joe Hart.

Abakinyi babanje mu kibuga mu gice ca mbere:

Caballero, Maffeo, Adarabioyo, Kolarov, Angelino, Fernando, Fernandinho, Zinchenko, Barker, Iheanacho, Navas

Mu gice ca kabiri:

Gunn, Maffeo, Adarabioyo, Kolarov, Angelino, Clichy, Fernando, Fernandinho, Delph, Bony, Navas