Ishirahamwe RNJ+ ryahawe agashimwe ka Red Ribbon 2016

Claudia Nizigiyimana
Image caption Claudia Nizigiyimana yaserukiye ishirahamwe ry'urwaruka rugendana umugera wa Sida mu Burundi RNJ+ ariko arashikirizwa agashimwe ka Red Ribbon 2016 mu gihugu ca Afrika y'epfo

Amashirahamwe cumi harimwo RNJ+ ryo mu Burundi, ni yo yahawe agashimwe ka Red Ribbon 2016 kubera ibikorwa yakoze yo gufasha abagendana umugera wa Sida hamwe no gusigurira abantu ivyerekeye uwo mugera.

Claudia Nizigiyimana, ari mubakiriye ako gashimwe mu gihugu ca Afrika y'epfp ahariko harabera inama ihuza intumwa zirenga ibihumbi cumi n'umunani bavuye hirya no hino kw'isi, avuga ko yanezerejwe cane n'uko baronse ako gashimwe.

"Twanezerewe cane, kandi turashimira n'abadufashije bose, reta y'Uburundi n'ishirahamwe ONUSIDA, kuko ibikorwa twaranguye ntitwari kuvyishoboza", uko niko Claudia Nizigiyimana yavuze.

Urwaruka rugenda umugera wa Sida mu Burundi ngo rufise ingorane nyinshi, harimwo ubupfuvyi, izijanye n'ibisigi, kuronka aho bakika umusaya eka mbere no kwivuza.

Image caption Agashimwe ka Red Ribbon gaherekezwa 'amadolali 10.000

Muri ivyo vyose ishirahamwe RNJ+ riraheza rigafasha muvyo rishoboye.

Abantu barenga ku 36.700.000 ni bo bagenda umugera wa Sida kw'isi.