Keni Harrison yeshe umuhigo w'isi wari umaze imyaka 28

Harrison Keni Uwufise ububasha kw’isanamu All Sports/Getty Images
Image caption Keni Harrison yeshe umuhigo w'isi, ariko ntazoja mu nkino Olympique z'i Rio De Janeiro muri Brezil.

Umunonotsi w'Umunyamerikakazi, Keni Harrison, yeshe umuhigo w'isi wo gusiganwa imetero 100 basimba imitego ejo mu muji wa London.

Yabigize mu misegonda 12,20 mu nkino zo kwizihiza imyaka ine iheze habaye inkino Olympique za London.

Harrison w'imyaka 23 yari asanzwe ariwe mugore anyaruka kurusha abandi kw'isi muri uno mwaka, ariko ntazoja mu nkino Olympique za Rio nyuma yo kuba uwa gatandatu mu magerageza yo muri Amerika.

Umwanya unyaruka kw'isi wahoraho wari amasegonda 12,21, ukaba wari uko kuva mu 1988 igihe umunye Bulgaria Yordanka Donkova yawugira.

Ugushaka kwa cane

Keni yagize ati: "Nyuma yo kunanirwa kuja kurutonde rw'abazoja mu nkino Olympique, nashaka kuza ngaha nerekane ivyo nari kuzokora.

"Umugwi wa Amerika uragoye kuwushikamwo, igihugu cacu gishaka batatu ba mbere mu magerageza yose, ivyo ntavyo nashoboye. Nararemerewe cane uwo munsi. Ndipfuza kuba nosubiramwo uwo munsi.

"Naje ngaha nshaka kwihora cane. Narinzi ko ndabishobora.

"Ndacafise igihe kirekire, nzogerageza nje munsi y'uyu mwanya muri uno mwaka."

Harrison yirutse imyanya itandatu muri ndwi myiza muri uno mwaka, irimwo ibiri muri ine inyaruka kurusha iyindi yose imaze kuboneka.

Ibindi bisa n’ibi