Igisasu i Baghdad cahitanye abantu barenga 20

Ikibanza caturikiyemwo igisasu muri Irake itariki 03/07/2016 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Nta mugwi uravuga ko ariwo wagavye ico gitero

Abajejwe umutekano hamwe n'abaganga i Baghdad muri Irake bavuga ko abantu barenga mirongo ibiri bishwe abandi barenga 35 barakomereka igihe haturika igisasu.

Umwiyahuzi yaturikirije ico gisasu mu kibanza abajejwe umutekano basaka abinjira mu musigiti mukuru w'Abashia mu karere ka Kadhimiyah.

Abajejwe umutekano baciye bongerwa, banakaza kurereka abarengana mu bindi bice vy'umurwa mukuru Baghdad.

Nta mugwi uravuga ko ariwo wagavye ico gitero.

Ibindi bisa n’ibi