Abantu babiri bishwe barashwe mu ntara ya Florida

Police Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu batatu bishwe barashwe, abanti benshi barakomerekera mu gitero c'inkoho mu ntara ya Florida

Igipolisi co muri Amerika kivuga ko abantu babiri bishwe barashwe mu gitero cagizwe mu nzu yo kwidagaduriramwo co muri iri joro mu ntara ya Florida.

Abandi bantu benshi barakomeretse.

Ivyo vyabereye mu gisagara ca Fort Myers, aho inzu imwe yo kwidagaduriramwo yariko irategura umusi mukuru ugenewe urwaruka.

Abakomeretse baciye banyarukanwa kwa muganga, hakoreshejwe za rusehabaniha.

Igipolisi kiracabandanya kurondera icatumye haba uko kurasana.

Umuntu umwe yahagaritswe, ubu ariko arabazwa.