Uwurongoye abademokrate agiye kwegura

Wasserman Schultz Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sanders yasavye ko umupfasoni Wasserman Schultz atanga imihoho mu mabanga yiwe

Umukuru w'umugambwe w'abademokrate muri Amerika yavuze ko azotanga imihoho inyuma y'aho Wikileaks yerekaniye inyandiko zo mw'ibanga, aho biboneka ko abategetsi bakuru b'uwo mugambwe bateje ingorane ukwiyamamaza kwa Bernie Sanders.

Ivyo vyanyeguruwe bishobora kugira ingaruka ku bumwe bw'uwo mugambwe.

Umukenguzamateka wa Vermont, Bernie Sanders, yari yasavye Debbie Wasserman Schultz, umukuru wa komite nkuru y'igihugu mu mugambwe w'abademokrate, ko atange imihoho buca haba ikoraniro kaminuza.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Haheze igihe kirekire abashigikiye Sanders bagiriza umupfasoni Wasserman Schultz n'abandi bategetsi b'uwo mugambwe guhengamira cane kuri Hillary Clinton.

Umupfasoni Hillary Clinton yari ahanganye na Sanders mu matora yo kurondera uwoserukira uwo mugambwe mu matora y'umukuru w'igihugu ca Amerika, vyitezwe ko yemezwa ku mugaragaro mu gisagara ca Philadelphie.

Sanders yavuze ko umupfasoni Wasserman Schultz "adakwiye kurongora iryo koraniro" rya komite nkuru y'abademokrate mu gihugu cose.

"Nibaza ko izi nyandiko zerekana neza ko adakwiye kurongora iryo koraniro," ni ko yavugiye mu kiganiro ca This Week kuri television ya ABC.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sanders avuga ko umupfasoni Wasserman Schultz adakwiye kurongora ikoraniro kaminuza

Haheze igihe kirekire abashigikiye Sanders bagiriza umupfasoni Wasserman Schultz n'abandi bategetsi b'uwo mugambwe guhengamira cane kuri Hillary Clinton.

Inyandiko 19.000 zari ku rubuga rwa Wikileaks itariki 22 ukwezi kw'indwi, n'izo abategetsi indwi bakomeye bo muri komite nkuru y'umugambwe w'abademokrate.

Zimwe zerekana bamwe muri abo bategetsi bakoresha amayeri menshi, harimwo co kwemera kugira bahungabanye ukwiyamamaza kwa Sanders.