Koffi Olomode yahagaritswe muri DRC

Koffi Olomide Uwufise ububasha kw’isanamu KTN
Image caption Koffi Olomide yahagaritswe bisabwe n'umushikirizamanza

Koffi Olomide azwi cane mu muziki wa rumba muri republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, yahagaritswe n'igipolisi ku muhana iwe i Kishasa.

Umumenyeshamakuru wa BBC Poly Muzalia avuga ko uwo muririmvyi yafashwe kw'itegeko ryatanzwe n'umushikirizamanza.

Olomide yirukanywe ikitaraganya mu gihugu ca Kenya, inyuma y'aho habonekeye video imwerekana akubise umugere umwe mu batamvyi biwe, ku kibuga c'indege ca Jomo Kenyatta.

Yategerezwa kuvugiriza Bomas muri Kenya ku musi wa gatandatu, ariko ivyo birori vyaciye bihagarikwa.

Yaciye ahagarikwa n'igipolisi ca kenya mw'ijoro ryo ku musi wa gatanu, ku musi ukurikira aca yurizwa indege imusubiza i Kishasa.

Abari bateguye ibiteramo nk'ivyo mu gihugu ca Zambia, na bo baramenyesheje ko bihagaritswe kubera ivyo vyashitse i Nairobi.

Uwo muririmvyi, yanditse ku rubuga rwiwe rwa facebook ku musi wa Mungu, asaba imbabazi abafana biwe na cane cane "abapfasoni n'abana".

"Ndicuza cane kuvyashitse... nari nataye umutwe," uko ni ko yabwiye television y'igihugu ya RTNC.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibiteramo vyari bitegekanijwe kubera muri Zambia, na vyo nyene vyaciye bihagarikwa

Mu nyuma yarasavye imbabazi ku banyagihugu ba Congo bose, yibaza ko inyifato yiwe yabateje isoni.

Umushikiranganji w'urwaruka hamwe n'uburinganire bw'ibitsina, umupfasoni Sicily Kariuki, yabwiye ibimenyeshamakuru inyuma y'aho iyo video ibonekeye, ko hofatwa ingingo ibuza Olomide gusubira guhonyoza ukuguru muri Kenya.

"Ivyo yakoze n'igitutsi kuba Kenya n'ibwirizwa shingiro ryacu," uko niko yavuze.