Ibindi bibanza 2 vya Afrika mu gikombe c'isi

Gianni Infantino. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukuru wa FIFA ,Gianni Infantino amenyesha ko Afrika izokongerwa ibibanza bibiri mu nkino z'isi yose mugihe igitigiri c'ibihugu birijamwo coja ku 40

Umugabane wa Afrika uzoronka ibindi bibanza bibiri mu gihe ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi ryokwongereza igitigiri c'ibihugu gushika kuri 40, kuva mu mwaka 2026, nk'uko bimenyeshwa n'umukuru wa Fifa, Gianni Infantino.

Infatino yasavye ko iyo migwi yokwongerekana, imbere y'uko atorerwa ayo mabanga yo kurongora iryo shirahamwe.

Ubu Afrika iserukirwa n'ibihugu bitanu gusa muri iryo higanwa.

"Icipfuzo canje yari imigwi 40, mu gihe cokwemezwa, umugabane wa Afrika uzoronka ibindi bibanza bibiri", ni ko Infantino yavuze.

Ico ciyumviro coshirwa mu bikorwa mu 2026, kuko ibihugu 32 ni vyo bizitaba inkino z'isi yose zizoba mu 2018 mu Burusiya no mu 2022 mu gihugu ca Qatar.