Igitero ca Al-Shabab mu gisagara ca Fino muri Kenya

Al-Shabab Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umuhari wa Al-Shabab wagize igitero mu ntara ya Mandera muri Kenya

Abantu bivugwa ko ari abagwanyi ba Al-Shabab bateye icuma co guhanahana amakuru kuri uyu wa kane mu gitondo, mu karere ka Lafey mu ntara ya Mandera mu gihugu ca Kenya.

Umukuru w'igipolisi wa Lafey, Bosita Omukolongolo, yavuze ko ico gitero cabaye isaha umunani z'ijoro.

Uwo mukuru w'igipolisi avuga ko barwanye bikomeye n'abo bagwanyi, ariko ko ata mupolisi n'umwe yasize ubuzima kuri ico kirindiro mubari bacunze ico cuma gikwiragiza amajwi.

Image caption Fino

Umuhari wa Al-Shabab, rifise icicaro caryo mu gihugu ca Somalia, wama ugira ibitero rimwe na rimwe bimaze guhitana abantu batari bake mu gihugu ca Kenya hamwe no mu bindi bihugu biherereye mw'ihembe rya Afrika.