Nta mukinyi arekuriwe kurya pizza muri Man City

Pep Guardiola Uwufise ububasha kw’isanamu ALL SPORT
Image caption Guardiola yabujije abakinyi biwe kurya pizza

Umumenyereza mushasha wa Man City, Pep Guardiola, yabujije abakinyi biwe kurya indya zitetswe vyihuta canke izirimwo amavuta menshi.

Umukinyi Gael Clichy yabwiye abamenyeshamakuru ko uwo mumenyereza yamuka muri Espagne yiyamirije indya zigezweho, kandi ko yirukanye abakinyi bavyibushe mu myimenyerezo y'uwo mugwi wa Man City.

Clishy yavuze ko babujijwe kurya Pizza n'izindi ndya zirimwo amavuta menshi.

Ivyo vyashitse mu myimenyerezo yo kwitegurira urukino rwo gutangura ihiganwa ruzobahuza na Sundrland itariki 13 z'ukwezi kw'umunani.

"Mugihe uvyibushe ntuzoja mu myimenyerezo"

Mu gihe ibiro vyawe bisanzwe ari 60, hanyuma bagasanga ufise 70, umenye ko uzokwirukanwa gushika usubiye ku biro vyawe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Pizza n'izindi ndya zirmwo amavuta menshi ntibirekuwe muri Man City

Abakinyi benshi baramaze kwirukanwa mu myimenyerezo y'uwo mugwi kubera iyo ngingo.

"Mu vyukuri ni ubwa mbere umumenyereza atanze amategeko yerekeye ibiro vy'abakinyi."

"Biranezereje, vyerekana ko umugwi urongowe mu buhinga" uko ni ko uwo mukinyi wo mu Bufaransa yavuze.