Papa Francis yikubise hasi ariko arasoma misa

Pope Francis Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Papa Francis yanyereye aragwa ari mw'isengero mu gihugu ca Pologne

Papa Francis, arongoye Ekleziya Katolika yikubise hasi anyereye igihe yariko aragana arutari agiye gusoma misa muri Pologne.

Papa Francis yahushije guhonyora ku ngazi imwe aca yikubita hasi mw'isengero yubashwe cane kw'isi ya Jasna Gona.

Papa w'imyaka 79, yamuka mu gihugu ca Argentine, yaboneka ari mu vyiyumviro vyinshi ntiyamenya ko hari ingazi imwe isigaye kugira ashike kuri arutari, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AP.

Abapadiri bari hagufi yiwe, baciye banyaruka kumufasha guhaguruka.

Imisa yabandanije uko yateguwe, Papa arasigura umwanya muremure imbere y'abantu ibihumbi n'ibihumbi bari bakoraniye mw'isengero rya Jasna Gora mu gisagara ca Czestochowa, mu bumanuko bw'ico gihugu.

Itororokanirizo ry'amakuru rya AFP rivuga ko yavyutse yihuta, kandi ko vyaboneka ko atababaye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Papa yabandanije asoma misa nk'uko vyari bitegekanijwe

Abajijwe nimba Papa yababaye inyuma yo kugwa, umuvugizi wa Vatican, Greg Burke yabwiye abamenyeshamakuru ko "Papa adora".

Papa aramaze kunyerera aragwa incuro nyinshi, kandi buri gihe ni we yivyura canke agafashwa n'umwe m'ubo baba bari kumwe, nk'uko bivugwa na AP.

Kandi buri igihe, aca abandanya akazi kiwe.