Imodoka za Onu zatezwe umutego muri Nigeria

Boko Haram Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abagwanyi ba Boko Haram bateze umutego imodoka za Onu muri Nigeria

Imodoka za Onu ziherekejwe n'igisirikare zatezwe umutego n'aboba ari abagwanyi ba Boko Haram mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Igisirikare kivuga ko abanyagihugu batatu, harimwo abakozi ba Onu, hamwe n'abasirikare babiri, bakomerekeye muri ico gitero.

Vyatumye Onu ihagarika vy'agateganyo imfanyo yatanga mu ntara ya Borno, aho abantu barenga imiliyoni zibiri bataye izabo kubera intambara.

Onu ivuga ko abana ibihumbi n'ibihumbi bafise ingwara y'imirire mibi muri ako karere.

Mu ntango z'uku kwezi, ishami rya Onu rijejwe abana kw'isi ryaragabishije ko abana ibihumbi cumi bashobora gupfa, mu gihe imiti itobashikira vyihuta.

Umugwi wa Boko Haram, watakaje uturere wahora ugenzura muri aya mezi 18 aheze, ushaka gutembagaza reta.

Uwufise ububasha kw’isanamu MSF
Image caption Abana boba bashika 250.000 barageramiwe n'ingwara z'imirire mibi muri ako karere

Kuva uwo mugwi utanguye ibitero, watumye abantu 20.000 bitaba Imana, benshi bakaba ari abo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Abana boba bashika 250.000 barageramiwe n'ingwara z'imirire mibi muri ako karere, aho umwe kuri batanu ashobora kwitaba Imana mu gihe batotabarwa, nk'uko bivugwa na Onu.