Uburundi mu bihugu 7 vya mbere mu kugwanya Sida

Burundi women
Image caption Abapfasoni bagendana umugera wa Sida bijukiye kuja kwa muganga iyo bafise imbanyi bagenda biyongera

Uburundi buherutse gushirwa kurutonde rw'ibihugu indwi vyo muri Afrika iherereye musi ya sahara vyateye intambwe idasanzwe mukugwanya ubwandu bw'umugera wa sida hagati y'umwana n'umuvyeyi agendana umugera w'iyo ngwara.

Icegeranyo casohowe n'amashirahamwe abiri, ONUSIDA na PEPFAR, cerekana ko uburundi bwagabanije iyo ngwara ya Sida mubana bavuka kubavyeyi bayigwaye, kubice 84 kw'ijana kuva mumwaka w'2009.

Abakenyezi barenga 3800 mu gihugu cose bakaba aribo bari ku miti nk'uko bishikirizwa na Dr Nkunzimana Alphonse arongoye umugambi w'igihugu ujejwe kugwanya ingwara ya Sida n'izindi ngwara zifatira mubihimba vy'irondoka.

Benshi muri abo bakenyezi, bemeza ko bamaze kwibaruka incuro zirenga zibiri biciye ku mugambi w'igihugu wa PTME ujejwe kugwanya umugera wa Sida.

Ngendakumana Mariane, ni umwe mubakenyezi bamaze imyaka igera kuri 15 bagendana umugera wa Sida. Twamusanze kukigo SWAA-Burundi gifasha abagendana umugera wa Sida mugisagara ca Bujumbura. Co kimwe n'abandi bakenyezi bagenda ingwara ya Sida, Mariane yari yaje gutora imfungurwa n'izindi ngaburo zibafasha kubungabunga amagara yabo no kugaburira abana.

Uwo mukenyezi yemeza ko avyaye incuro zine zose kumugambi wa PTME. Ati « abana banje bose barakomeye kandi bafise amagara meza. »

Si Mariane gusa. Claudine Akimana, ni uwundi mukenyezi twasanze mukigo SWAA - Burundi. Wewe yemeza ko ageze kubipimo vy'umwana wiwe wa gatanu, Naomi, afise ukwezi kumwe n'inusu.

« Bakuru ba Naomi bose ukwo ari bane bavutse bakomeye. Ndizeye ko n'umwana wanje Naomi bizogenda neza kubera inyishu ya nyuma nzoyironka umwana amaze umwaka n'amezi atandatu. »

Image caption Uretse imiti n'impanuro, abapfasoni bibungeze bagendana umugera wa Sida barafashishwa n'ibifungurwa

Muganga Nkunzimana Alphonse asigura ko mu mwaka wa 2009 abakenyezi bafashwa bari bake kubera batari bwajijuke. Bagera ku 1580 gusa. Muri 2010 bariyongereye gato gushika kuri 2600.

Mu mpera z'umwaka wa 2015 bari bageze kubakenyezi 3885.

Ubu mu Burundi umukenyezi wese agiye kwipimisha imbanyi ibitaro vyose agiyemwo bifise itegeko ryo kubanza kumupima umugera wa sida. Basanze agwaye aca atangura gukurikiranwa no guhabwa imiti.