Bastian Schweinsteiger ashobora kuva muri Man Utd

Bastian Schweinsteiger Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kazoza ka Bastian Schweinsteiger muri Man United ntikaboneka neza

Uwatahukanye igikombe c'isi mu Budagi, ubu akinira umugwi wa Man United, bisa n'uko adafitiwe icere cane n'umumenyereza mushasha Josee Mouriho.

Mourinho amaze kuzana abakinyi batatu, ubu bikaba vyitezwe ko bagiriranira amasezerano n'umugwi wa Juventus ku mukinyi w'umufaransa, Paul Pogba.

Bastian Schweinsteiger w'imyaka 31 yoba ari ku rutonde rw'abandi bakinyi 9 bashobora kuva muri uwo mugwi.

Uwo mukinyi wo hagati, yamaze kumenyesha ko atazosubira gukinira umugwi nserukiragihugu w'Ubudagi, yimenyereje ari wenyene, mu gihe abandi bakinyi bariko baragirira imyimenyerezo hamwe ubwa mbere.

Abakinyi b'imbere nka Adnan Januzaj, Will Keane na James Wilson, uwo hagati Andreas Pereira n'abakinyi b'inyuma Cameron Bortwick-Jackson, Tim Fosu-Mensah, Tyler Blackett na Paddy McNair, na bo nyene bivugwa ko bashobora kuva muri uwo mugwi n'aho bamwe bashobora gutizwa.