Burundi: Nta modoka yunguruza abantu "izambuka umupaka"

Pierre Nkurikiye yemeje amakuru avuga ko nta biribwa byambuka umupaka
Image caption Pierre Nkurikiye yemeje amakuru avuga ko nta biribwa byambuka umupaka

Uburundi bwabujije ko hari imodoka zunguruza abantu zisubira kujabuka zija mu Rwanda canke zinjira ziva muri ico gihugu.

Mu gipolisi c'Uburundi bemereye BBC ko ivyo arivyo. Pierre Nkurikiye avuga ko ari ugushira mu ngiro ingingo leta iherutse gufata ko ata vyo kurya vyosubira gusohoka mu Burundi kugira bakingire Abarundi amapfa mu gihe uruzuba rushobora kuzokwaka umwanya muremure.

Ariko aranavuga ko harimwo imvo z'umutekano kuko ngo abaza guhungabanya igihugu bavuye mu Rwanda baza muri bene iyo miduga ngo kandi igasubirana inyuma umwimbu wo mu Burundi.

Pierre Nkurikiye avuga ko imbibe zitugaye gusa ngo abantu bajabuka umupaka n'amaguru hanyuma bakurira imodoka zibajana iyo baba bagiye.

Abagenda n'izabo ngo nta kibazo.

Menshi mu ma kompanyi yunguruza abantu hagati y'Uburundi n'Urwanda n'ayo mu Rwanda nka Volcano na Yahoo Car. Abantu benshi baragira ingendo hagati y'ivyo bihugu. Na cane cane Abarundi bagira uruja n'uruza mu Rwanda bariyongeye baja kuramutsa ababo bahungiye canke bagiye kwiga mu Rwanda kuva aho hadukiye ibibazo vya politike n'umutekano mu Burundi mu kwa Kane mu 2015.

Kuva ico gihe imigenderanire hagati y'ivyo bihugu yagumye yunyuka. Uburundi bwagiriza Urwanda gukoka no kwigisha bamwe mu mpunzi z'Abarundi mu ntumbero yo guhungabanya no gutembagaza inzego mu Burundi.