Prezida wa Sao Tome yanse kuja mu matora

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida Pinto da Costa yavuze ko atemera ko amatota azoba mu muco

Mu ngingo itangaje cane, umukuru w'igihugu ca Sao Tome na Principe, kimwe mu bihugu bito cane ku mugabane wa Afrika, yanse kuja mu matora agira kabiri yo muri ico gihugu.

Prezida Manuel Pinto da Costa yavuze ko ayo matora adashobora kuba mu muco, aca asaba abamushigikiye kutayitaba.

Yasavye abamushigikiye kutaja muri ayo matora inyuma yo kuronka amajwi ari musi y'ica kane c'amajwi yavuye mu matora ya mbere.

Uwo mukuru w'igihugu yaronse 28,8% muri ayo matora yas mbere yabaye itariki 17 z'ukwezi kw'indwi, na we uwo bahanganye Evaristo Carvalho aronka 49,8%, muri ayo matora yaranzwemwo ubusuma bwinshi.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abayoboke ba Evaristo Carvalho

Inkuru zivuga ko benshi mu bayoboke biwe batitavye amatora ya mbere.

Carvalho, yari umukuru w'inama nshingamateka akongera akaba umushikiranganji wa mbere, biboneka ko ari we azotahukana intsinzi.

Prezida Pinto da Costa yari amaze ku butegetsi imyaka itanu.

Image caption Sao Tome na Principe

Yarigeze kurongora ico gihugu kigitwarwa n'umugambwe umwe kuva mu 1975 gushika 1991, aho yatanguza imigambwe myinshi.

Ico gihugu cakolonijwe na Portugal kirimwo amazinga ya Sao Tome na Principe hamwe n'utundi tuzinga duto duto.