Uburusiya bwiyamirije igihano ku banonotsi babwo

Vladimir Lukin mu kiganiro n'abanyamakuru Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Vladimir Lukin avuga ko abanonotsi paralempique b'Uburusiya bimwe uburenganzira bwabo nk'ibiremwamuntu

Umukuru w'urwego rw'abanonotsi bafise ubumuga bo mu Burusiya yavuze ko kubabuza guhiganwa muri Rio 2016 ari kubaka uburenganzira bwa kiremwamuntu.

Abanonotsi bose b'umugwi w'Uburusiya w'abagendana ubumuga, babujijwe n'urwego rwa Olempike kuja mw'ihiganwa rya Rio 2016 ry'abagendana ubumuga canke Paralempike, kubera gufata imiti yongera inguvu.

Mu kiganiro n'abanyamakuru, Vladimir Lukin yavuze ko abanonotsi b'Uburusiya bagendana ubumuga ata muti n'umwe bafashe, ngo kandi azotanga ibimenyetso vyerekana ko yakoze akazi kiwe ko gukumira iyo miti.

Kuwa mungu, urwego mpuzamakungu rw'inkino paralempike rwavuze ko abanonotsi b'Uburusiya bagengwa n'amategeko asa n'ayatabaho, leta ikaba ifise uruhara mu kubaronsa iyo miti.

Ibindi bisa n’ibi