Ibiro vy'ibigo bitwara abantu mu Rwanda vyugawe

Abarundi bari mu myiyerekano imbere y'ibiro biserukiye u Rwanda mu Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Imigenderanire y'u Rwanda n'u Burundi imaze umwaka itifashe neza

Mu Burundi ibiro vy'amakompayi yahora yunguruza abantu hagati yu Rwanda n'ico gihugu vyategetswe gupfunga ubu akaba ata ngenzi bigitwara.

Kuwa kane izo kompanyi zari zabwiwe ko zirekuriwe gushika ku mupaka gusa ariko ntizijabuke, none ubu n'ivyo ntavyo zemerewe.

Abategetsi bavuga ko ari mu ntumbero yo kubuza ko ivyo kurya vyo mu Burundi bijanwa hanze, ariko na cane cane ku Rwanda ngo n'uko basanze hari abaza guhungabanya umutekano mu Burundi, baza muri bene izo modoka.

Ariko n'izibandanya mu bindi bihugu nazo nyene zirakorwako n'iyo ngingo.

Gushika ubu nta kiratangazwa ku ruhande rw'u Rwanda.

Imigenderanire hagati y'ibihugu vyombi yarunyutse, kuva aho habereye ibikorwa vyo kwiyamiriza gusubira kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza mu mwaka uheze, vyaje no kuvamwo kugerageza gutembagaza ubutegetsi bwiwe.

U Burundi bwagiriza u Rwanda guha indaro abashatse guhirika ubutegetsi, hamwe no kwinjiza mu gisirikare impunza z'Abarundi, ariko ivyo u Rwanda rurabihakana.

Ibindi bisa n’ibi