BBC yamenye ko Ubwongereza bufise ingabo muri Syria

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Ingabo kabuhariwe z'Ubwongereza muri Syria

BBC yaronse amasanamu yemeza ko Ubwongereza bufise abasirikare kabuhariwe bari ku rugamba mu gihugu ca Syria.

Ayo masanamu yerekana abo basirikare bari kumwe n'abarwanyi b'umugwi Free Syrian Army, bahanganye n'umugwi wiyita Islamic State.

Ababibonye bavuga ko abo basirikare bari mu kazi ko kurinda ikigo kiri mu buseruko bw'igihugu.

Nyuma yo kuraba ayo masanamu, ubushikiranganji bw'Ubwongereza bujejwe kwivuna abansi bwavuze ko ataco bushobora kuvuga ku bikorwa vy'abasirikare kabuhariwe.

Ibindi bisa n’ibi