Abahinga muvyo umutekano 50 bifatiye mu gahanga Trump

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abahinga mu vyo umutekano b'aba republicain bavuga ko Trump "ashobora kuba prezida w'ikigwarudubi atari bwaboneke muri kahise ka Amerika

Ikete ryashizweko umukono n'abahinga muvyo umutekano bo mu mugambwe w'aba republicains rigabisha ko Donald Trump "ashobora kuba prezida w'ikigwarudubi" muri kahise ka Amerika.

Uwo mugwi, urimwo n'uwahoze arongoye CIA, Michael Hayden, uvuga ko Trump "adafise inyifato ibereye, imico n'ubumenyi bukwiyi" kugira abe prezida.

Benshi mu bashize umukono kuri iryo kete, bari banse gusinya ikete nk'iryo mu kwezi kwa gatatu.

Mu kwishura, Trump yavuze ko bari mu "Akagwi k'incabwenge z'i Washngton vyananiye" kariko karahiga uko kokwigumiza ku butegetsi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mubashize umukono kuri iryo kete harimwo uwahoze atwara CIA Michael Hayden

Iryo kete rije inyuma y'aho igitigiri kinini c'abategetsi b'aba republicains bakuriye amaboko kuri uyo mugwizatunga.