Pogba yagiranye amasezerano na Man United

Paul Pogba Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Paul Pogba

Paul Pogba yaguzwe amapawundi imiliyoni 89, ubwa mbere kw'isi umukinyi aguzwe amahera nkayo, yavuze ko hari hageze ko asubira muri Man United.

Uwo mukinyi wo hagati w'imyaka 23 agarutse muri uwo mugwi inyuma y'imyaka ine awuvuyemwo agiye muri Juventus ku mapawundi umuliyoni n'igice mu 2012.

Pogba yashize umukono ku masezerano y'imyaka itanu yavuze ko Man Utd "ari umugwi uzomufasha gushika k'uvyo yipfuza".

Umumenyereza wa Man Utd, Josee Morinho yavuze ko Pogba azofasha uwo mugwi mu kiringo kitari gito.

Man Utd izoriha Juventus batwaye igikombe c'uyu mwaka amafaranga y'ama Euro imiliyoni 105 hamwe n'izindi miliyoni zitanu z'ama Euro bivanye n'ingene azoba ameze ico gihe.

Gushika ubu umukinyi yari amaze kugurwa amahera menshi ni Gareth Bale yari yaguzwe imiliyoni 85 z'amapawundi n'umugwi wa Real Madrid ava muri Tottenham.

Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Pogba ari mu gisagara ca Man Manchester

Pogba yarafashije umugwi w'Ubufaransa gushika mu gice ca nyuma muri Euro 2016, yatwaye ibikombe vya Serie A mu myaka ine yari amaze mu Butaliyano.