Impamvu ifi zagabanutse mu kiyaga Tanganyika

Ikiyaga Tanganyika Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu bariyongereye cane mu micungararo ya Tnganyika mu myaka ya 1990 kubera impunzi nyinshi

Ubushakashatsi bushasha bwerekana ko ifi zagabanutse mu kiyaga Tanganyika, kimwe mu biyaga bikomeye baromwo ifi kw'isi, ryavuye ku kwiyongera k'ubushuhe mu kinjana giheze.

Ikiyaga Tanganyika ni co kinini muri Afrika kandi ifi z'aco zikaba zigaburira abantu benshi mu bihugu bigikikije.

Ariko igitigiri c'ifi caragabanutse cane, mu gihe abarovyi bo baguma bongerekana.

Ikwiyongera kw'abarovyi ni ko abantu bahora bibaza ko kwatumye ifi zigabanuka.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ifi zo mu kiyaga Tanganyika zibeshejeho abantu benshi

Ariko ubushakashatsi bushasha bwerekana ko vyavuye ku kwiyongera k'ubushuhe.

Ico kiyaga Tanganyika gikikijwe n'Uburundi , Congo , Tanzania, na Zambia n'isoko rikomeye ry'ibifungurwa n'akazi kuri milioni z'abantu mu karere.

Kugira bagerageze gutahura igituma umwimbu w'ifi uguma ugabanuka muri ico kiyaga, abashakashatsi bihweje urugero rw'ivyiretse hasi hamwe n'ibisigarira vy'amafi muri ico kiyaga c'akamaro ntangere.

Ivyo batoye n'uko ukwongerekana kw'ubushuhe mu myaka ijana iheze gutuma bigorana ko amazi yo hejuru n'ayo hasi mu kiyaga avagangana.

Ivyo bisigura ko ingaburo ziri hasi zitaba zigishika hejuru gutyo amafi ntasubire kuronka ivyo arya bikwiye.

Abanditse ico cegeranyo bavuga ko ivyo vyatanguye n'imbere y'uko haba uburovyi bwa cane n'ukuvuga hagati mu kinjana ca 20 canke mu myaka y'igihumbi n'amajana icenda na 50.

Uretse ku vyo kurya no ku buzi, iryo gabanuka rirashobora no kugira ingaruka ku bwinshi budasanzwe bw'ibinyabuzima biri muri ico kiyaga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abarovyi bakoresha amatara atuma ifi zitozito zibegera ari na zo nyinshi muri ico kiyaga.

Umwe mu bashakashatsi yavuze ko gifise ubwoko bw'inyabuzima atahandi bisangwa gushika ku ncuro 50 kuruta mu mazinga ya Galapagos ariko ko ata bantu benshi babizi. Hamwe amakungu atokwikangura ngo ahagurukire igeramirwa ry'ico kiyaga riturutse ku kw'iyongera kw'ubushuhe, vyinshi mw'itunga ico kiyaga kibitse bishobora kugenda akagirire.