Impamvu 5 zituma Turkiya ishaka kwiyegereza Uburusiya

Umukuru w'igihugu ca Turkiya, Recep Tayyip Erdogan, ari mu mubonano na Vladimir Putin w'Uburusiya mu ntumbero yo kunagura imigenderanire.

Imigenderanire y'Uburusiya na Turkiya yajemwo agatotsi mu kwezi kwa cumi na rimwe igihe Turkiya yarasa indenge y'ingwano y'Uburusiya ku rubibe rwa Syria.

Izi ni impamvu zitanu zituma Turkiya ishaka gusubira kwegerana n'umubanyi wayo.

Intambara yo muri Syria

Turkiya n'Uburusiya bishigikiye impande zitandukanye zirwana mu ntambara yo muri Syria.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Uburusiya bwagirije Turkiya gufasha abo bwita abakozi b'iterabwoba muri Syria

Turkiya ishavujwe n'imfashanyo y'indege z'ingwano Uburusiya buha abasirikare ba leta ya Syria.

Umukuru w'igihugu Erdogan yamye asaba ko umukuru w'igihugu wa Syria, Bashar al-Asaad atembagazwa.

Uburusiya ku rundi ruhande bwagiriza Turkiya kuba ishigikiye imigwi y'abarwanyi ba ki Islam barwanya Assad.

Ariko muri ino minsi Turkiya yagiye irerekana ibimenyetso vyo kworosha ibintu ku mukuru w'igihugu Assad, uyu mubonano ukaba ushobora gutanga akaryo ko kwumvikana.

Ubukerarugendo

Uburisiya nico gihugu ca kabiri mu guha Turkiya abakerarugendo nyuma y'Ubudage.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amahoteli asharije bwa kirusiya ku nkengero z'ibahari Mediterane muri Turkiya, afise ivyumba bigaragara vyinshi

Ariko nyuma y'iraswa ry'indege y'Uburusiya, igitigiri c'abakerarugendo b'Abarusiya baja muri Turkiya caragabanutseko ibice 93% ugereranije n'ukwezi kwa gatandatu kw'umwaka uheze.

Turkiya yifuza gusubira ku rwego rw'aho yinjiza ku mwaka imiriyaridi 3 z'amadolari avuye mu bakerarugendo b'Abarusiya bonyene.

Ubutare bwa gaze

Imwe mu ntambwe Uburusiya bwafashe mu guhana Ankara n'uguhagarika ibikorwa ku muhora TurkStream - mushasha uri munsi y'ibahari ryirabura, wagomba kwongera gaze Uburusiya burungika muri Turkiya.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu 2014, amahera Turkiya yarishe gaze y'Uburusiya ashika ku miriyaridi 16,5 z'amadolari

Gaze y'Uburusiya ni nkenerwa cane ku butunzi bwa Turkiya buriko buriyongera.

Turkiya yikora ku Burusiya mu kuronka gaze irenga ica kabiri c'iyo ikeneye mu gushusha amazu no kwatsa umuyagankuba.

Inyubako

Imigambi y'ubwubatsi hanze ni ngirakamaro cane kuri Turkiya kandi Uburusiya ni ubwa kabiri mu bihugu amashirahamwe y'ubwubatsi yo muri Turkiya akuramwo isoko.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Amashirahamwe y'ubwubatsi yo muri Turkiya yubatse vyinshi mu Burisiya harimwo ibitaro, ibibanza vy'inkino hamwe n'amabarabara manini manini

Umwitegura w'inkino Olempike zo mu gihe c'imbeho i Sochi, wakozwe n'amashirahamwe menshi yo muri Turkiya.

Inkino z'igikombe c'isi c'umupira w'amaguru zo mu 2018 zizokwakirwa n'Uburusiya, ni irindi soko rihambaye ku mashirahamwe y'ubwubatsi yo muri Turkiya.

Urudandazwa

Intambara y'amajambo nyuma y'iraswa ry'indege y'Uburusiya yabereye intambamyi ikomeye urudandazwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Turkiya irindiranye igishika ko havanwako ibihano bibuza kugurisha ibiribwa mu Burusiya

Ibidandazwa Turkiya yashoye mu Burusiya mu gice ca mbere c'uno mwaka vyagabanutse gushika ku miriyoni 737 z'amadolari, n'ukuvuga igabanuka rya 60,5% ugereranije n'igihe nk'ico mu mwaka uheze, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru co muri Turkiya, Daily Sabah.