Umukuru w'abanonotsi ba Kenya yafashwe ashitse Nairobi

Abanonotsi bashika mirongo ine muri Kenya bananiwe ibipimo vy'imiti yongera inguvu mu myaka ine iheze Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abanonotsi bashika mirongo ine muri Kenya bananiwe ibipimo vy'imiti yongera inguvu mu myaka ine iheze

Umukuru w'abanonotsi ba Kenya bahiganwa mu kwiruka, aheruka kwirukanwa i Rio, yafashwe ashitse ku kibuga c'indege i Nairobi.

Michael Rotich ariko agirwako itohoza nyuma y'ivyagiriji vy'uko yabwiye abanonotsi ko ashobora kubaburira bagire bapimwe ifatwa ry'imiti yongera inguvu, nabo bakamuha amahera.

Yahakanye ivyo yagirizwa, vyanditswe mu kinyamakuru co mu Bwongereza, The Sunday Times.

Kenya yemerewe guhiganwa mu nkino Olempike kuwa gatanu uheze, nyuma y'ivyagiriji vyo gufata imiti nk'iyo.

Abanonotsi bashika mirongo ine bo muri Kenya barananiwe ibipimo vy'imiti yongera inguvu mu myaka ine iheze.

Ibindi bisa n’ibi