Umugabane wa Afrika umaze kuronka imidari 5 i Rio

Rugby Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umugwi wa Rugby wa Kenya watsinzwe inkino zose umunani

Umugabane wa Afrika umaze kuronka imidari 5, ibiri y'ifeza n'itatu y'umujumbu, abanonotsi benshi n'imigwi bakaba bamaze gutsindwa.

Umugwi wa Kenya wa Rugby waraye utsinzwe na Espagne ku bitego 14-12 mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, aho waciye unatakaza icizere co gutahukana n'imiburibiri ikibanza 9.

Ubwa mbere bari batsinzwe n'Ubuyapani ibitego 31-7. Uwo mugwi uzwi kw'izina rya Shujaa, watsinzwe inkino zose ko ari umunani. Mu rukino rwo gutangura, Ubwongereza bwari bwabatsinze ibitego 31-7.

Muri uwo mukino nyene wa rugby, Afrika y'epfo yirahiye Australia ku bitego 22-5 mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Mu nkino za volleyball mu bigeme, Cameroun yaraye itsinzwe n'Uburusiya ku maseti 3-0.

Mu mupira w'amaguru Nigeria yaraye itsinzwe na Colombia 2-0 ariko ico gihugu cari cararonse uburenganzira bwo kubandanya, Afrika y'epfo nay o yanganije na Irak 1-1.

Mu nkino zitegekanijwe uyu musi, muri Basketball umugwi wa Nigeria uraza gutana mu mitwe na Espagne, iyo migwi yose ikaba itaratsinda urukino na rumwe.

Hari abanonotsi benshi bo ku mugabane wa Afrika baza guhiganwa mu bisata vyo kwoga, judo no gukubitana ingumu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sara Ahmed wo mu Misri yatahukanye umudari w'umujumbu

Afrika yaraye ironse iyindi midri ibiri y'umujumbu yatwawe n'umunye Tunisia Ines Boubakri n'abanya Misri Sara Ahmed na Mohamed Ihab. Iyo ikaba ije yiyongera kuri ibiri y'ifeza.

N'ubu Amerika ni yo iri imbere mu midari myinshi, aho muri rusangi ifise 32 harimwo 11 y'inzahabu, ubushinwa ubwa kabiri n'imidari 23, cumi ikaba ari iyo inzahabu.