Usain Bolt atsindiye umudari w'inzahabu i Rio

Image caption Usain Bolt abaye umunonotsi wa mbere atwaye umudari w'inzahabu mu kwiruka imetero ijana incuro zitatu yikurikiranya

Umunonotsi rurangiranwa wo muri Jamaica, Usain Bolt, yaciye umuhigo mukuba umunonotsi wa mbere atsindiye umudari w’inzahabu ku ncuro ya gatatu yikurikiranya, mu kwiruka imetero ijana, mu nkino za Olempike 2016.

Bolt w’imyaka 29, yagize amasegunda 9”81 muri izo nkino za Olempike, inyuma y’intsinzi yagize mu nkino za Olempike za Beijing zo 2008 hamwe n’iza Londres zo mu 2012.

Gatlin, amaze kwirukanwa incuro zibiri zose azira gukoresha imiti yongereza inguvu, yagize amasegunda 0”08 inyuma ya Bolt, aca aronka umudari w’ifeza.

“Nari niteze ko nza kwihuta gusumba, ariko ndanezerewe kuba ntsinze,” uko ni ko Bolt yabwiye BBC.

Umunonotsi wo mu gihugu ca Canada, Andre de Grasse yatahukanye umudari w’umujumpu, akaba yongereje n’umwanya wiwe mwiza mu kugira amasegunda 9”91, imbere y’uwundi munye Jamaica, Yohan Blake.

Vyitezwe ko Bolt ava I Rio aronse iyindi midari y’inzahabu mu kwiruka imetero 200 n’ijana bahererekanya udukoni, nk’uko vyagenze mu nkino za Olempike z’umwaka 2008 na 2012.

Uwo munonotsi ari we gushika ubu afise umwanya myiza mu kwiruka imetero 100, yavuze ko azosezera amahiganwa inyuma y’iyiganwa ritegekanijwe mu 2017.