Trump yasiguye umugambi wiwe wo kugwanya iterabwoba

Donald Trump yitoza mu kibanza ca Prezida muri Amerika Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Donald Trump yitoza mu kibanza ca Prezida muri Amerika

Donald Trump yasiguye umugambi wiwe wo kugira Amerika igihugu kirangwamwo amahoro, mu gutuza iterabwoba rikorwa n’aba Islam b’intagondwa.

Yavuze ko mu gihe yotorwa mu kibanza c’umukuru w’igihugu wa Amerika, azohindura amategeko agenga politike y’imigenderanire y’ico gihugu.

Mw’ijambo yashikirije mu nama yariko irabera mu ntara ya Ohio, uwo mukandida w’umugambwe w’aba republicains yavuze ashimitse ko bikenewe ko haba ihagarikwa ry’agateganyo ryo gutanga uruhusha rwo kwinjira muri Amerika, ku bantu bava mu bihugu bizwi ko bishigikiye iterabwoba, no gutangura amatohoza menshi harimwo n’ivyo bandika ku mbuga ngurukanabumenyi.

Trump kandi yavuze ko yiteguye gukorana n’igihugu ico ari co cose ataravye ico batandukaniyeko, afise intumbero yo gusa yo kurandurana n’imizi umugwi wa Islamic State.