Trump aravugira igipolisi c'i Milwaukee

Trump yagiriza uwo bahanganye mu matora umupfasoni Clinton ko yashigikiye imidurumbanyo yabaye i Milwaukee Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Trump yagiriza uwo bahanganye mu matora umupfasoni Clinton ko yashigikiye imidurumbanyo yabaye i Milwaukee

Uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’abarepublicains, Donald Trump, ubu ari mu gisagara ca Milwaukee yavuze ko ibimenyetso vyerekanye ko hakurikijwe amategeko igihe igipolisi cica umusore w’umwirabure muri ico gisagara ku musi wa gatandatu.

Urupfu rw’uyo musore Syville Smith mu gisagara ca Milwaukee kirimwo abirabure benshi b’abanyamerika bavuye muri Afrika, rwatumye haba imyiyerekano ikomeye.

Mu kwiyamamaza kwiwe, Trump yifatiye mu gahanga uwo bahanganye mu matora, Hillary Clinton, avuga ko ari we yatumye haba umutekano muke muri ico gisagara.

“Ikurikizwa ry’amategeko, gushira hamwe abanyagihugu,ugukora neza kw’igipolisi, ni vyo bintu igihugu cacu gikeneye.”

“Uwo duhanganye Hillary Clinton ntiyitaho abantu batobato kandi ntashigikira igipolisi, nimwemere jewe. Ivyo vyatumye hiyongera amacakubiri, bikaba bishigikiwe n’uwo duhanganye mu matora aho yagize uruhara mu midurumbanyo ya Milwaukee no mu tundi turere muri iki gihugu cacu.” Uko ni ko yavuze."