Kipyegon yatwaye umudari w'inzahabu mu 1500 m

Faith Kipyegon yatahukanye umudari w'inzahabu muri 1500m Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Faith Kipyegon yatahukanye umudari w'inzahabu muri 1500m

Umunonotsi w’umunya Kenya Faith Kipyegon yatsindiye umudari w’inzahabu ubugira gatatu mu kwiruka imetero 1500 mu bigeme.

Ku ruhande rw’abagabo, umunye Jamaica Omar Mcleod na we yatwaye umudari w’inzahabu mu kwiruka imetero 110.

Uyu musi kandi abanonotsi Kipruto Conseslas, Ezekiel Kemboi na Brimin Kiprop na Jacob Araptany wo muri Uganda baraza guhiganwa basimba amazi n’imitego biruka imetero 3000.