Australia igiye kugara ibohero rya Manus

Umushikiranganji wa mbere wa PNG, Peter O'Neil avga ko bumvikanye na Australia kwugara ibohero riri mw'izinga rya Manus Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa PNG, Peter O'Neil avga ko bumvikanye na Australia kwugara ibohero riri mw'izinga rya Manus

Igihugu ca Australia cemeye kugara ibohero ripfungirwamwo abasaba ubuhungiro riri muri Papuasie Nouvelle Guinnee (PNG).

Mw’itangazo yashikirije, umushikiranganji wa mbere wa PNG, Peter O’Neil yavuze ko yabonanye n’umushikiranganji wa Australia ajejwe abimukira, Peter Dutton, ku kivuko ca Moresby ku musi wa gatatu.

“Impande zose, PNG na Australia barumvikana ko ikigo kiri mw’izinga rya Manus kigiye kugarwa,” ni ko iryo tangazo rivuga.

Mu kwezi kwa kane, sentare ntahinyuzwa ya PNG yasanze gupfungira abasaba ubuhungiro n’impunzi muri ico kigo bidakurikije ibwirizwa shingiro.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu kigo ca Manus cari kirimwo abantu bashika 854

O’Neil yavuze ko ico kigo kiri mw’izinga rya Munus cari gicumbikiye abantu 854, bishoboka ko kidaca cugarwa ubwo nyene.

“Inzira nyinshi zizokwigwa hanyuma zishirwe mu bikorwa,” uko ni ko O’Neil yavuze.

“Ningombwa ko uyu mugambi udakorwa hutihuti ahubwo ko ukorwa mu bwitonzi.

“Utegerezwa kwisunga ineza y’abanya PNG hamwe n’ubuzima bw’abasaba ubuhungiro hamwe n’impunzi.”

'Nta buhungiro muri Australia'

Australia gipakira abaje basaba ubuhungiro mu mato abajana mw’ibohero riri mu kigo kiri mw’izinga rya Manus no mu gihugu ca Nauru kiri mw’ibahari Pacifique.

Image caption Izinga rya Manus

N’abo biboneka ko bakwije ivya ngombwa vyo kuba impunzi, nta n’umwe azemeregwa kuba muri Australia.