Ubugeni bwo mw'ijoro bwahagaritswe i Mombasa

Umuntu wese akeneye kugira umusi mukuru w'ubugeni umara umwanya munini, ategerezwa kubimenyesha igipolisi Uwufise ububasha kw’isanamu GETTY IMAGE
Image caption Umuntu wese akeneye kugira umusi mukuru w'ubugeni umara umwanya munini, ategerezwa kubimenyesha igipolisi

Ubutegetsi bw’igisagara ca Mombasa mu gihugu ca Kenya, yahagaritse imisi mikuru y’ubugeni iba mw’ijoro ku mpamvu z’umutekano.

Umukuru w’igipolisi muri ako karere, Maalim Mohammed avuga ko iyo ngingo ari iyo gukingira abanyagihugu ibitero vy’abagizi ba nabi bitwaje imbugita.

Iyo migwi yabaye ndanse muri iyi misi, aho bamwe mubaba muri ico gisagara bavuga ko baterwa no ku murango.

Abajejwe umutekano bagize imisi bakora ibikorwa vyo kubarondera, hakaba hariho abatari bake bamaze kwicwa.

Abantu baba mu gisagara ca Mombasa bakunze kugira imisi mikuru y’ubugeni mw’ijoro, ica ibandanya imisi itari mike, harimwo n’ibirori vy’iryo joro.