Francine Niyonsaba mu 1/2 mu kwiruka 800m

Francine Niyonsaba Uwufise ububasha kw’isanamu FRANCINE NIYONSABA
Image caption Francine Niyonsaba yatsindiye kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu kwiruka imetero800

Umurundikazi Francine Niyonsaba ahejeje kuronka uburenganzira bwo kuja muri kimwe ca kabiri gishira ica nyuma mu kwiruka imetero 800.

Francine Niyonsaba, asanzwe aza mu kibanza ca kabiri kw’isi muri kino gihe mu kwiruka izo metero.

Abandi bigeme bo muri Afrika bane, harimwo Caster Semenya wo muri Afrika y’epfo n’abanya Kenya batatu na bo nyene batsindiye kuja mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Hari umunya Benin, umunye Ethiopia hamwe n’umunye Uganda na bo nyene baronse uburenganzira bwo kubandanya ihiganwa.

Uwundi murundi Olivier Irabaruta yahiganywe mu kwiruka imetero 5000, ariko nta co yahanovye.

Image caption Conseslus Kipruto yatahukanye umudari w'inzahabu mu kwiruka imetero 3000 mu gusimba imitego batarukira mu mazi

Kenya yaronse uwundi mudari w’inzahabu wahawe Conseslus Kipruto yagize yaciye umuhigo mu kwiruka imetero 3000 mu gusimba imitego atarukira mu mazi, mu minota 8’03”28.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Faith Kipyegon yaronse umudari w'inzahabu mu kwiruka imetero 1500

Kenya kandi yari yaraye ironse uwundi mudri w’inzahabu mu bigeme, wahawe Faith Kipyegon mu kwiruka imetero 1500, aho yaciyeko uwufise umwanya wa mbere kw’isi mukwiruka izo metero, umunye Ethiopiakazi Genzebe Dibaba

Mu nkino zaraye zibaye, mu mupira w’amaboko wa Handball mu bigeme Angola yaraye itsinzwe n’Uburusiya ku bitego 31-27.