Abanonotsi mu kwoga ba US bahagaritswe i Rio

Gunnar Bentz mu kubamfu na Jack Conger bumvirijwe n'igipolisi ca Rio
Image caption Gunnar Bentz mu kubamfu na Jack Conger bumvirijwe n'igipolisi ca Rio

Akanama ka Olempike mu gihugu ca Amerika kemeje ko abanonotsi bako babiri mu kwoga, babujijwe kuva mu gihugu ca Brezil.

Ivyo vyabaye inyuma y’aho igipolisi kidashiriye amazinda ku nkuru cari cabwiwe na bo, ko batewe baranibwa mu gisagara ca Rio de Janeiro.

Igipolisi cururukije mu ndege yari ibajanye muri Amerika, Gunnar Bentz na Jack Conger, kugira kibabaze.

Abo banonotsi mu vyo kwoga hamwe n’abandi baknyi babiri na bo nyene bo muri Amerika, bavuze ko bibwe n’abantu bari bitwaje inkoho, bari muri taxi mu gisagara ca Rio ku musi w’Imana.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption James Feigen,(ifoto yo mu 2013) vyitezwe ko yumvirizwa n'igipolisi

Abandi banonotsi bagenzi babo babiri, Ryan Lochte na James Feigen, na bo nyene babujijwe gufata urugendo n’umucamanza wo muri Brezil.

Lochte aza yari yamaze kuva muri ico gihugu, ariko hari inkuru zitaremezwa neza zivuga ko Feigen yabujijwe kwurira indege yari igiye muri Amerika.