Riek Machar yahungiye muri Congo

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Riek Machar yirukanywe ku mwanya wa visi perezida mu kwezi gushize.

Umuryango w'abibumbye uravuga ko uwari visi perezida muri Sudani yepfo - Riek Machar - umaze ibyumweru ataboneka mu ruhame ubu ari muri Repubulika iharanira demokarasi ya Congo.

Umutwe wa ONU uri muri Congo niwo wamuzanye n'umugore we n'abandi bantu ubambutsa umupaka hagati y'ibihugu byombi.

Perezida wa Sudani yepfo, Salva Kiir, yirukanye Riek Machar ku mwanya wa visi perezida mu kwezi gushize nyuma y'imirwano ikaze hagati y'abayoboke babo mu murwa mukuru Juba.

Machar aherutse kuvuga ko azasubira i Juba ari uko hoherejwe ingabo zadafite aho zibogamiye zo kumurindira umutekano.