Igipolisi ca Mexique cagirizwa kwica abantu 22

Igipolisi ca Mexique cagirizwa kwica abantu 22 Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igipolisi ca Mexique cagirizwa kwica abantu 22

Akanama kajejwe agateka ka zina muntu mu gihugu ca Mexique bwagirije igipolisi ko cagize ubwicanyi ndengerabutungane ku bantu 22 bagurisha cocaine mu mwaka uheze.

Umupolisi umwe mukuru n’abandi bantu 42 bariciwe mu musako w’igipolisi I Tanhuato, mu ntara ya Michoacan, itariki 15 z’ukwezi kwa gatanu.

Abapolisi bavuga ko barashe bivuna, ariko ico gitigiri kinini c’abapfuye catumye haba amakenga.

Akanama kajejwe agateka ka zina muntu (CNDH) kavuga ko igipolisi cashatse kubipfukapfuka.

Imigwi ijejwe agateka ka zina muntu muri ico gihugu imaze igihe kirekire isaba ko igipolisi cokora neza kigahagarika kugira ubwicanyi ndengerabutungane.

Image caption Tanhuato

Mu misi iheze, reta yavuze ko ata gateka kahonyanzwe muri iryo sakwa.

Bavuze ko intambara yadutse hagati y’imigwi ibiri idandaza cocaine, ko rero abapfuye ari abo mu mugwi umwe.