Francine Niyonsaba mu gice ca nyuma mu 800m

Francine Niyonsaba yatsindiye kuja mu gice ca nyuma mu kwiruka imetero 800 Uwufise ububasha kw’isanamu FRANCINE NIYONSABA
Image caption Francine Niyonsaba yatsindiye kuja mu gice ca nyuma mu kwiruka imetero 800

Umwigeme w’umurundikazi, Francine Niyonsaba, yaronse uburenganzira bwo guhiganirwa umudari w’inzahabu mu gice ca nyuma mu metero 800.

Mw’ihiganwa ry’igice ca kabiri gishira ica nyuma, uwo mwigeme yabaye uwa kabiri inyuma y’umunye Kenya Wabui yirutse izo metero mu 1’59”21.

Mu rindi higanwa, Usain Bolt yatsindiye umudari ugira kabiri w’inzahabu mu kwiruka imetero 200 mu nkino za Olempike, umudari wiwe ugira umunani muri mwene izo nkino.

Uwufise ububasha kw’isanamu REUTERS
Image caption Usain Bolt yaronse umudsri w'inzahabu ugira umunani mu nkino za Olempike

Uwo munye Jamaique yagize 19”78, aho yashitse imbere y’umunye Canada Andre Grasse n’Umufaransa Christophe Lemaitre.