Abana barinjizwa mu gisirikare ca Sudani y'epfo

Abana 10.000 baramaze kwinjizwa mu migwi y'abagwanyi itandukanye Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abana 16.000 baramaze kwinjizwa mu migwi y'abagwanyi itandukanye

Reta ya Sudani y’epfo iriko irinjiza abana mu gisirikare muri kino gihe yitegurira iyindi ntambara, nk’ukovyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya Associated Press.

Bivugwa ko umunyepolitike umwe akomeye ari we arongoye ico gikorwa co kwinjiza abana mu gisirikare, bamwe muri bo bikavugwa ko bafise imyaka 12 gusa bo mu kigwati kimwe co muri ico gihugu.

Inyandiko zerekana ko igikorwa co kwinjiza abo bana mu gisirikare, zabonetse inyuma y’umwanya muto akanama kajejwe umutekano kw’isi kemereje ingingo mu ndwi iheze, yo kurundika abasirikare 4000 muri ico gihugu, gucungerera umutekano abanyagihugu, inyuma y’aho hadukiye intambara ku mugwa mukuru Juba, mu kwezi guheze.

Iyo ntambara yahuje abasirikare bayoboka prezida Salva Kiir n’abari inyuma y’icegera ciwe Riek Machar, ubu yamaze guhunga ico gihugu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho abana kw’isi, UNICEF, rivuga ko abana barenga 650 bamaze kwinjira mu migwi ihanganye mu gihugu ca Sudani y’epfo kuva mu ntango z’uyu mwaka.

UNICEF ubu ifise ubwoba ko iyindi mishamirano ishobora kubangamira abana ibihumbi n’ibihumbi, igasaba ko igikorwa co kwinjiza abana mu gisirikare gihagarara ubwo nyene.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu barenga 100.000 baramaze guta izabo kuva hadutse imishamirano mu kwezi kw'indwi

Bivugwa kandi ko abana boba bashika 16.000 ari bo bamaze kwinjizwa mu migwi itandukanye yitwaje ibigwanisho no mu gisirikare, kuva hatanguye amatati yo muri Sudani y’epfo, mu kwezi kwa 12 mu mwaka 2013.

Arangije urugendo yagize mu turere twa Bentiu na Juba, muri Sudani y’epfo, umuyobozi mukuru wa UNICEF, Justin Forsyth, yavuze ko hari ubwoba ko abandi bana benshi binjizwa mu gisirikare.